Uko wahagera

CEDEAO: Perezida Jammeh Agiye Kwibonerako


Abakuru b'igihugu bigize CEDEAO
Abakuru b'igihugu bigize CEDEAO

Ishirahamwe ry'ubutunzi ry'ibihugu vya Afrika yo mu Burengero, CEDEAO ryamenyesheje ko rizokoresha inguvu mugihe Perezida Yahya Jammeh wa Gambiya atova k’ubutegetsi m’ukwezi kwa mbere nkuko bitegekanijwe.

Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa gatanu na Marcel de Souza ayoboye uyo muryango. Yatangaje ko abasirikare b’uwo muryango bameze magabo kugira bashire mungiro ivyo abanyagihugu bihitiyemwo.

De Souza yatangaje ko Senegal arico gihugu kizorongora ibikorwa vya gisirikare.

Senegal, gisanzwe gikikuje Gambia ku mpande zitatu, cari catangaje ko ata wundi muti wo gukura Jammeh k’ubutegetsi atar’ugukoresha inguvu za gisirikare.

Jammeh, amaze imyaka 22 k’ubutegetsi, yari yemeye ko yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo m’ukwezi kwa 12, aza kwivuguruza hashize indwi.

Yavuze ko amatora yabayemwo utunenge bituma agira amakenga ko Adama Barrow bahiganwe atari gutsinda.

XS
SM
MD
LG