Uko wahagera

ONU: Sudani y'Ubumanuko Ntiyafatiwe Ibihano


Inama ya ONU ijejwe umutekano

Inama y’umutekano ya ONU yanse gushigikira ingingo yateguwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika yari igamije gufatira ibihano Sudani y’Ubumanuko kubijanye n’ibirwanisho.

Mubihugu bigize ako kanama, indwi gusa nivyo vyayemeje mugihe hari hakenewe amajwi icenda kugira yemerwe.

Ibihugu vy’Uburusiya, Ubushinwa, Maleziya, Ubuyapani, Venezuela, na cane cane ibihugu bitatu mu bigize inama y’umutekano arivyo Angola, Misiri na Senegal vyahisemwo kutagira ico biyivuzeko mu matora y'uyu wa gatanu.

Ambasaderi Samantha Power, aserukira Amerika muri ONU yatangaje ko Amerika ibabajwe cane n’ivyavuye mur’ayo matora, ariko kandi amenyesha ko ata gitangaje kirimwo.

Amerika, ifatikanije n’Ubwongereza hamwe n’Ubufaransa bari bashikirije ko iyo ngingo yo kwugarira imihora y’ibirwanisho Sudani y’Ubumanuko yar’ikenewe kugira bakinge ihonyabwoko.

Abatashigikiye iyo ngingo batangaje ko Amerika yirengagije ijambo Perezida Salva Kiir aheruka gushikiriza inama nshingamateka yiwe asaba ibiganiro vyo kugarukana amahoro kandi asaba ko yohabwa akanya ko kubitunganya.

XS
SM
MD
LG