Uko wahagera

Putin Avuga ko Ubutunzi bw'Uburusiya Buhagaze Neza


Mu kiganiro c’ukurangiza umwaka yama atanga uko umwaka utashe, yahaye abamenyeshamakuru uno musi ku wa gatanu, prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yamaze igihe kinini avuga ku bibazo vyerekeye ubutunzi.

Ivyo ni mu gihe Uburusiya buriko bugerageza gusubira kunaguka mu vyerekeye ubutunzi inyuma yuko ubutunzi bw’ico gihugu busubiye inyuma bikomeye mu kiringo c’imyaka ibiri irangiye. Ibyo vyavuye ku biciro vy’ibitoro biri hasi n’ibihano mu vy’ubutunzi Uburusiya bwafatiwe kubera inyifato yabwo mu gihugu ca Ukraine.

Vladimir Putin, yatangaje kw’ubutunzi bw’Uburusiya buruko burasubira kunaguka.

Ugushimikira ku butunzi kwa Putin, muri uyu mwaka biratandukanye n’ivyo yatangaje ku bijanye n’ubutunzi mu mwaka uheze aho yashikirije amajambo akomeye ku vyerekeye igihugu ca Turikiya indwi nkeyi inyuma yuko indege y’ingwano y’ico gihugu irashe indege y’ingwano y’Uburusiya ku rubibe rwa Turikiya n’igihugu ca Siriya.

Imigenderanire yarasubiye kumera neza hagati y’Uburusiya na Turkiya inyuma yuko Turkiya isavye imbabazi.

XS
SM
MD
LG