Uko wahagera

Ubudage Buzakomeza Itohoza ku Bakoranye na Anis Amri


Umushikirizamanza mukuru w’igihugu c’Ubudagi, Peter Frank, yatangaje uno musi ku wa gatanu kw’abajejwe itohoza bariko bagerageza kumenya nimba umuntu yikekwa mu gitero co mu gisagara ca Berlin ku musi wa mbere yafashijwe n’umurwi w’abantu bamushigikiye.

Uwikekwa muri ico gitero, Anis Amri afise imyaka mirongo ibiri n’ine yishwe arashwe n’igipolisi mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu, mu gisagara ca Milan, mu gihugu c’Ubutaliyano.

Peter Frank, umushikirizamanza mukuru w’Ubudagi, atangaza kw’abategetsi bemeje kw’umuntu yarashwe ari uwikekwa mu gitero ca Berlin. Atangaza ko naho Anis Amri yapfuye, bazobandanya itohoza. Avuga ko bikenewe cane kuribo kumenya nimba hari abandi bakoranye bamushigikiye.

Reta ya Kiyislamu yariyitiriye igitero co mu gisagara ca Berlin co ku musi wa mbere.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu c’Ubutaliyano, Marco Minniti, yatangaje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, ko Anis Amri, ava mu gihugu ca Tuniziya yahagaritswe n’abapolisi mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatanu. Ivyo vyabereye hafi y’ikibanza amatereni ahagararamwo mu gice kiri ku nkengera y’igisagara ca Milan citwa, Sesto San Giovanni. Amakuru atangazwa avuga ko yasohoye inkoho igihe bamubaza kwerekana ibipapuro bimuranga. Yarashe arakomeretsa umupolisi imbere yuko wenyene ubwiwe yicwa.

XS
SM
MD
LG