Uko wahagera

Somaliya: Ikibombe Cahitanye Abanyagihugu n'Umusirikare


Abasirikare ba Somaliya, ahahejeje kubera igitero
Abasirikare ba Somaliya, ahahejeje kubera igitero

Muri Somaliya, Reta yatangaje ko abanyagihugu babiri n’umusikare umwe wa Reta aribo basize ubuzima mu gitero cabaye kur’uyu wa kane, ku mabarabara akomakomeye ahurira mu gisagara ca Mogadiscio.

Abdifatah Omar Halane, umuvugizi wa Reta ya Somaliya yabwiye Ijwi rya Amerika ko ico kibombe cari catezwe kare, kandi ko caturikiye ku kirindiro c’abajejwe umutekano, mu gihe bariko bararondera aho gitezwe. Halane yatangaje ko ico kirindiro kigabwamwo ibitero bitari bike kuva cigaruriwe n’abajejwe umutekano, mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Reta ya Somaliya yarungitse abandi basirikare mur’ico kibanza bivuye ko har’inkuru zivuga ko hashobora kuba har’ibindi bitero vyateguwe gukorwa n’umugwi w’iterabwoba al-Shabaab. Mwomenya ko umugwi w’abasirikare mvamakungu bakorera muri Somaliya, AMISOM, bamenyesha ko babuze irengero ry’umwe mu basirikare bawo, kur’uyu wa gatatu, yari ku kirindiro c’abasirikare ba Uganda, ku birometero ijana na mirongo itanu m’ubumanuko uva k’umugwa mukuru wa Somaliya, i Mogadiscio. AMISOM imenyesha ko ibandanya kurondera irengero ryiwe.

Umugwi al-Shabaab waratangaje ko ariwo wanyuruje uwo musirikare. Ni mu gihe uwo mugwi usanganywe uwundi musirikare ataruka muri Uganda, wanyuruje mu gitero wakoze ku basirikare ba AMISOM, itariki ya mbere, ukwezi kw’icenda, mu bihumbi bibiri na cumi na gatanu. Ico gitero kikaba cari cahitanye abasirikare bashika kuri cumi n'icenda.

XS
SM
MD
LG