Uko wahagera

Siriya: Reta Yasubiye Kwigarurira Ibice Vyose vya Aleppo


Siriya kw'ikarata
Siriya kw'ikarata

Igisirikare c’igihugu ca Siriya kimenyesha ko casubiye kwigarurira igisagara ca Aleppo. Iyo n’intsinzi ikomeye cane mu ngwano imaze hafi y’imyaka itandatu muri Siriya.

Reta ya Prezida Bashar al-Assad, muri iki gihe igenzura igisagara cose ca Aleppo, mu bubaye ubwa mbere kuva mu mwaka w’i 2012.

Abarwanya ubutegetsi bemeye kuva muri ico gisagara, inyuma yuko ibitero vya Reta vyemeze ukwezi bibatujije mu bice mirongo icenda kw’ijana vy'ico gisagara bari bafise mu ntango.

Iryo ryatangazo rije amasaha makeyi inyuma yuko imodoka zitwaye abasivile baba mu gisagara ca Aleppo zibonywe ziriko ziva muri ico gisagara.

Cari igikorwa ca nyuma c’ugukura abasivile muri ico gisagara camaze indwi yose.

Yamara Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziracafise impungenge ku ntsinzi y’inteko za Reta ya Siriya. Zitanga akarorero k’amakuru avuga ku bwicanyi n’ityozwa ry’agateka ka muntu bibandanya mu bindi bice vy’igihugu, hamwe na kazoza k’abasivile bakuwe mu gisagara ca Aleppo.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutabara, Croix Rouge, ryatangaje ku musi wa kane kw’abantu bagera ku bihumbi mirongo itatu na bine bamaze kuva mu gisagara ca Aleppo.

.

XS
SM
MD
LG