Uko wahagera

Uburusiya Buragandariye Ambasaderi Andrei Karlov


Uburusiya buragandariye Ambasaderi wabwo mu gihugu ca Turkiya, Andrei Karlov, yagandaguwe ku musi wa kabiri. Ibirori vyabaye uno musi ku wa kane mu nyubakwa y’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire i Moscou.

Ambasaderi Andrei Karlov, yarashwe n’umupolisi yari fise umusi w’ikonji ku murwa mukuru wa Turkiya, Ankara.

Mu banyacubahiro bari biravye ivyo birori barimwo Perezida Vladimir Putin, umushikiranganji wa mbere, Dmitry Medvedev, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Sercgei Lavrov.

Perezida w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Ezrdogan, avuga kw’ata nkeka kw’igandagurwa rya Andrei Karlov, ryagizwe n’umunywanyi w’umurwi w’umutegetsi akomeye w’idini rya Kiyislamu, Fetullah Gulen. Uyu aba muri Leta zunze ubumwe z’Amerika. Yamara Gulen yariyamirije ico gitero mu ntango z’iyi ndwi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zariyamirije ivyo zise ibivurwa ko zagize uruhara canke zashigikiye igandagurwa rya Andrei Karlov.

Ambasaderi Karlov, yariko arorera iyugururwa ry’ihayanishwa ry’utugenegene igihe yagandagurwa n’umuntu yitwaje ikirwanisho gicira umuriro.

XS
SM
MD
LG