Uko wahagera

Amerika Yatangajwe n'Ivyavuzwe n'Uburusiya


Umushikiranganji wa Reta ya Amerika, John Kerry hamwe n'Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov
Umushikiranganji wa Reta ya Amerika, John Kerry hamwe n'Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov

Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika batangaje kur’uyu wa gatatu ko batangajwe no kwumva Igihugu c’Uburusiya kivuga ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri itifashe neza.

Uburusiya bwabitangaje inyuma y’aho John Kerry, Umushikiranganji wa Amerika, yarahejeje kuganira kw’iterefone na mugenzi we w’Uburusiya, Sergeui Lavrov, n’abategetsi mu gisirikare c’ivyo bihugu bakaba bari bahejeje kuganira biciye mumasanamu ya videwo, ku bijanye n’umutekano muri Siriya.

John Kirby, umuvugizi wa departema ya Reta ya Amerika, yavuze ko ibiganiro bibandanya. Abategetsi ba Amerika bavuga ko hari ukutumva ibintu kumwe kur’ico kibazo ca Siriya, bongeye bagaruka kandi k’uruhara gw’Uburusiya mu matora aheruka y’Umukuru w’Igihugu hano muri Amerika.

Ni mu gihe Dmitry Peskov, umuvugizi mu biro vy’Umukuru w’Igihugu c’Uburusiya, we yatangaje kur’uyu wa gatatu ko ibiganiro vyose na Amerika vyahagaze. Peskov yatangaje kandi ko biteze ko intwaro nshasha ya Donald Trump izoza ihindura ibintu.

Iyo mvugo y’abategetsi b’Uburusiya ije mu gihe Amerika yari imaze umunsi umwe itangaje ko ifise umugambi wo gufatira ibihano bishasha Uburusiya. Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu akaba yamiriye kure ivyo bihano, yongera avuga k’Uburusiya buzofata ingingo zibereye.

XS
SM
MD
LG