Uko wahagera

Igipolisi Casatse Inzu y’Uwikekwa mu Gitero c’i Berlin


Abategetsi b’igihugu c’Ubudagi basatse uno musi ku wa gatatu umuntu yari umudereva w’ikamyo yinjiye mu kibanza kirimwo isoko rigurisha ibintu vya Noeli, carimwo abantu benshi mu gisagara ca Berlin.

Ivyo vyabaye umusi umwe inyuma yuko abategetsi b’Ubudagi barekuye umuntu yari yahagaritswe gatoyi inyuma y’igitero cahitanye abantu cumi na babiri.

Itangazamakuru mu Budagi ryamenyesheje kw’igipolisi cariko kirondera umunyatuniziya, bifatiye ku nzandiko zatowe mw’ikamyo yakoreshejwe mu gitero cabaye mw’isoko rigirisha ibintu vya Noeli.

Reta ya Kiyislamu yariyitiriye ico gitero. Ubudagi ntiburi mu bihugu bigiriko bigira ibitero vy’indege z’ingwano mu bibanza vya Reta ya Kiyislamu muri Iraki na Siriya. Yamara ico gihugu kirafasha mu bundi buryo muri ivyo bikorwa vya gisirikare, nko mu kurekurira indege kunywesha ibitoro, n’ukugira ibikorwa c’ivyiperereza.

XS
SM
MD
LG