Uko wahagera

Muri Mexique Umuriro Wahitanye Abantu n'Ibintu


Abajejwe gutabara impanuka bariko barazimya umuriro mu kibanza cabereyemwo isanganya
Abajejwe gutabara impanuka bariko barazimya umuriro mu kibanza cabereyemwo isanganya

Muri Mexique hadutse isanganya, kur'uyu wa kabiri, mw’isoko rinini risanzwe ridadarizwamwo imiriro yo guturitsa ku minsi mikuru. Iryo sanganya ryahitanye abantu mirongo ibiri n'icenda bapfuye, abandi bashika kuri mirongo indwi barakomereka.

N’isanganya ryabereye ahariko hagurishirizwa imiriro abanyagihugu basanzwe baturitsa ku minsi mikuru yo kurangiza umwaka. Abajejwe gutabara amasanganya bamenyesha ko vyabaye ngombwa ko babanza kurindira amasaha atari make kugira bashobore gushikira abahitanywe n’iryo sanganya.

Abategetsi batangaje kandi ko uwo muriro waturiye imiduga itari mike hamwe n’inyubakwa ziri mu micungararo yahabereye iryo sanganya.

XS
SM
MD
LG