Uko wahagera

Reta ya Kisilamu Irabandanya ibitero muri Jordaniya


Abapolisi bane nibo baguye mu ntambara zabaye kur’uyu wa kabiri, m’ubumanuko bw’Igihugu ca Jordanie, aho bariko baragwana n’abagwanyi ba Reta ya Kisilamu.

Ico gitero cakomereje kandi abashika kuri cumi n’umwe. Gushik’ubu nta gitigiri kizwi c’abagwanyi bapfuye.

Ico gitero cabereye hafi y’igisagara ca Karak. Abantu bitwaje ibigwanisho bamaze kwica abantu bashika kuri cumi mu kiringo c’iminsi ibiri.

Kur’uyu wa kabiri, Reta ya Kisilamu yatangaje kandi ko ariyo yakoze ibitero vyabaye kur’uyu w’Imana.

XS
SM
MD
LG