Uko wahagera

Nta Ngaruka y'Urupfu rwa Karlov Hagati y'Uburusiya na Turukiya


Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire, Lavrov, (ibubamfu) na mugenzi we wa Turukiya Zarif (iburyo)

Abakuru b’Ibihugu vy’Uburusiya na Turukiya bamenyesha ko igandagurwa rya ambasaderi Andrey Karlov, yaserukira uburusiya muri Turukiya, ataco rizohindura mu migenderanire y’ivyo bihugu ukwari bibiri.

Prezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya yatangaje kur’uyu wa mbere, inyuma y’ikiganiro yagiranye kw’iterefone na Prezida Vladimir Poutine W’Uburusiya ko bompi batahura kumwe ikibazo co muri Siriya.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ivyo bihugu ukwari bibiri bakaba bashize urugori rw’amashurwe kw’isanamu ya ambasaderi Andrey Karlov.

Kur’uyu wa kabiri niho ikiziga ca Karlov cashika m’Uburusiya giherekejwe n’umutambukanyi wiwe.

XS
SM
MD
LG