Uko wahagera

Siriya: Hezbollah mu Ntambara yo muri Aleppo


Kuri uno musi wa kabiri umugwi w’abagwanyi b’Abanyalibani ba Hezbollah babwiye abanyagihugu bagisigaye mu birere vya Aleppo vyafashwe n’abarwanya ubutegetsi kuvayo vuba bwango. Bongeye bababwira kw’abasirikare ba Reta ya Siriya bahava bashikayo ku mugoroba w’uno musi.

Umugwi wa Hezbollah umaze igihe ugwanira ku ruhande rwa reta ya Bashar al-Assad, mur' iyi ntambara imaze hafi imyaka itandatu.

Ntawuzi neza igitigiri c’abanyagihugu bagisigaye mu gisagara ca Aleppo cafashwe n’abagwanya ubutegetsii kuva mu mwaka wi 2012 mu ntumbero yo gutembagaza ubutegetsi bwa Bashar al-Assad.

Kuva mu kwezi kw’icenda kw’uyu mwaka, imigwi itavuga rumwe na reta yatanguye gusokora mu ntambara. Ivyo vyabaye nyuma y'aho igisirikare ca Siriya gishigikiwe n’Uburusiya, bitanguriye kugira ibitero bikomeye vyo mu kirere vyasenyaguye akarere bigafasha abasirikare b’Uburusiya bagwanira kubutaka kwinjirayo.

Kur'uyu wa mbere akanama ka ONU kajejwe umutekano katoye ingingo isaba ko harungikwa vyihuta abahinga bagenduza ibikogwa vyo guhungisha abanyagihugu, babakura mu gisagara ca Aleppo.

XS
SM
MD
LG