Uko wahagera

Nta Cizere co Gutora Indege ya Maleziya


O'zbekiston mustaqilligining 28 yilligi tantanalaridan lavhalar. Nyu-York shahri, 2019-yil.
O'zbekiston mustaqilligining 28 yilligi tantanalaridan lavhalar. Nyu-York shahri, 2019-yil.

Abari mu gikorwa co kurondera indege y’Igihugu ca Maleziya, yaguye mu kwezi kwa gatatu, umwaka w’2014, batangaje kur’uyu wa kabiri, ko badakekeranya ko iyo ndege itari mw’ibahari Indien, aho bari bamaze igihe bayironderera.

Ico gikorwa catwaye amafaranga angana n’imiliyoni ijana na mirongo itanu z’amadolari, bakaba batigeze batora ikintu na kimwe cemeza ko iyo ndege yoba iri mur’iryo bahari.

Ikigo co muri Australiya, kijejwe umutekano mu gisata co kwunguruza abantu n’ibintu, igisata cari kijejwe kurondera ibisigarira vy’iyo ndege, casohoye icegeranyo. Kivuga ko agace kikekwa kuba karimwo ibisigarira vy’iyo ndege, abakoze amatohoza ataco bahatoye.

Bitegekanijwe ko ico gikorwa co kurondera ibisigarira vy’iyo ndege kizohera mu kwezi kwa mbere, kw’umwaka utaha w’2017.

Iyo ndege y’Igihugu ca Maleziya, yo mu bwoko bwa MH370, yakorotse mu gihe yariko iva k’umugwa mukuru w’Ubushinwa, i Beijing, igana k’umugwa mukuru wa Maleziya, i Kuala Lumpur. Ikaba yar’ireruye abantu bashika ku majana abiri na mirongo itatu n’icenda.

XS
SM
MD
LG