Uko wahagera

Berlin: Polisi Ivuga ko Abantu Barenga 9 Bishwe


Abavyiboneye hamwe n’igipolisi co mu gisagara Berlin mu Budagi batangaje ko ikamyo yinjiye mu murwi w’abanyagihugu bari bakoraniye ahagurishirizwa utuganuke twa Noheli, yica yongera ikomeretsa abantu bataramenyekana igitigiri. Polisi itangaza ko abarenga icyenda bashobora kuba bahasize ubuzuma.

Ntazindi nsiguro ziratangwa kandi ntibiramenyekana ko ryari isanganya canke ko umudereva w’iyo kamyo yar’afise intumbero yo kwica. Amasanamu yafatiwe ahabereye ivyo yerekana ikamyo yasambutse n’ibisigarira vyayo.

Abar’aho batangaje ko iyo kamyo yariko igenda k’umuvuduko w’ibilometero 40 kw’isaha igihe ivyo vyaba.

Abategetsi b'Ubudage batangaza ko ibyabaye biraza gutohozwa nk'igitero cy'iterabwoba.

XS
SM
MD
LG