Uko wahagera

Turikiya: Ambasaderi w'Uburusiya Yiciwe Ankara


Ambasaderi aserukira Uburusiya muri Turukiya yagandaguwe kur’uyu wa mbere k’umurwa mukuru Ankara wa Turukiya.

Umumenyeshamakuru afata amasanamu akorera ikigo “Associated Press” gikorera muri Amerika yatangaje ko umugabo yamurashe yatereye akaruru hejuru avuga "Allahu Akbar'' mu nyuma amurasa amasasu 8.

Ambasaderi Andrei Karlov yarashwe ari mu birori vyo gufata amasanamu vyari bifashwe mu mugongo n’Uburusiya I Ankara.

Ibinyamakuru vyo muri Turukiya vyatangaje ko igipolisi caciye kirasa cica uwo mugizi wa nabi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bw’ububanyi n’amakungu bwemeje urupfu rwa Ambasaderi Karlov.

Umuvugizi wa sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, John Kirby yatangaje ko abategetsi b’Amerika bamaganye ubwo bwicanyi.

Itororokanirizo ry’amakuru “RIA” ryo mu Burusiya ryatangaje ko umutekano wongerejwe cane kunyubakwa ya Ambasade y’Uburusiya I Ankara

XS
SM
MD
LG