Uko wahagera

Kongo: Ibintu Bishobora Gucika Guhera Isasita y'Ijoro


Imihanda y'i Kinshasa irera, kuko abaturage batinye kugera mu mujyi hagati.

Muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, abanyagihugu mu bisagara bitandukanye bameze magabo mugihe ibiringo vya Perezida Joseph Kabila birangira kur’uyu wa mbere isaha zitandatu z’ijoro.

Mugihe ata matora atagekanijwe, Kabila yafashe ingingo yo kuguma k’ubutegetsi.

Abajejwe umutekano bakwiragijwe mugihugu cose kugira baburizemwo abafise umugambi wo kugumuka biyamiriza iyo ngingo ya Perezida Kabila.

Amabarabara yo k’umurwa mukuru Kinshasa aratekanye kur’uyu wa mbere kandi abikorera utwabo bahisemwo kudakora.

Igipolisi cahagaritse abanyagihugu mu makaratiye amwe yo k’umurwa mukuru kandi habaye gutana mu mitwe kuri kaminuza y’I Kinshasa inyuma y’aho abajejwe umutekano bazibiriye inzira igana kur’iyo kaminuza.

Abari mu micungararo y’aho babwiye Ijwi ry’Amerika ko imigumuko nyakuri itangura isasita y’ijoro, aho Kabila azoba yitwa ko atakiri umukuru w’igihugu.

XS
SM
MD
LG