Uko wahagera

Somaliya: Abasilikare Basambuye Ikambi ya ISIS muri Puntland


Qandala, Puntland, Somalia
Qandala, Puntland, Somalia

Abategetsi b’intara ya Puntland muri Somaliya batangaza ko abajejwe umutekano basambuye ikambi ya gisirikare y’abarwanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Amiral Abdirizak Dirie Farah, umukuru w’igipolisi ca Puntland yatangaje ko igipolisi cagavye igitero kur’uyu w’Imana kw’ikambi iri ahitwa El Ladid. Aho ni ku bilometero 30 mu bumanuko bw’ikivuko co mu gisagara ca Qandala.

Aka kagwi kasambuwe karongowe na Abdiqadir Mumin, umwenegihugu w’Ubwongereza, yahoze arongoye abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab.

Uyu yitandukanije nawo mu mwaka uheze aca yiyunga n’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu. Ashobora kuba arongoye abarwanyi bari hagati ya 100 na 150.

Abahinga muvya gisirikare mur’ako karere bemeza ko uwo muhari waronse ibirwanisho wakuye muri Yemeni, kandi ko bahawe imyimenyerezo ya gisirikare n’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu.

XS
SM
MD
LG