Uko wahagera

USA: Impari k'Uruhara rw'Uburusiya mu Matora ya Amerika


Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Ukutumvikana hagati y’abategetsi hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kurabandanya ku bijanye n’ivyagirizo vyuko igihugu c’Uburusiya cinjiye muma oridinateri mu gihe Amerika yari mu matora y’umukuru w’igihugu, mu kwezi guheze.

Ni mu gihe Donald Trump yatowe kurongora Amerika yari yatangarije k’umugaragaro ko atemera ivyagirizo biri k’Uburusiya, vyatanzwe n’Ibiro bijejwe iperereza muri Amerika.

Perezida Barack Obama amenyesha ko ivyo Trump yatowe ashikiriza bitumvikana, akavuga ko bisa n’ukwizera cane Uburusiya kurusha kwizera abari mu nzego z’iperereza z’Igihugu, zisanzwe zirimwo n’abo basangiye umugambwe na Donald Trump.

Abari m’umugambwe w’aba democrate bamenyesha ko Trump yar’akwiye kwizera inzego z’iperereza, mu gihe azoba ariwe arongoye Igihugu. Ni mu gihe abari mu mugambwe w’Abarepublikani bo bavuga ko Abademocrate babadanya kwagiriza Uburusiya atavyemezo babifitye.

Kur’ico Perezida Obama akaba yatangaje ko bazoshira ahabona ivyemezo mu mutekano ntangere, batabanje kudodobereza ababibahaye canke uburyo bakoresheje mukubironka.

XS
SM
MD
LG