Uko wahagera

Somaliya: Inteko Mvamakungu Zagirizwa ko Zishe Abanyagihugu

Somali civilians pass by Ugandan soldiers serving with the African Union Mission in Somalia (AMISOM) in the central Somali town of Buur Hakaba, in this handout photograph taken and provided by the African Union-United Nations Information Support Team (AU-

Ubutegetsi bwa Somaliya bwagiriza inteko mvamakungu z’Ubumwe bwa Afrika ko arizo zishe abanyagihugu bashika kuri cmi n'umwe, ubwicanyi bwabaye kur’uyu w’Imana.

Ibrahim Aden Najah, arongoye akarere ka Lower Shabelle, yabwiye Ijwi rya Amerika ko imodoka y’ingwano y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yaciye ku mazu, inyuma y’igitero caje kigana abasirikare b’iryo Shirahamwe, mu gisagara ca El-Wareegow, kiri hafi ya Marka. Najah avuga ko mu bahitanywe n’iyo mpanuka harimwo umukenyezi, abana batatu, hamwe n’uruhinja.

Kur’uyu wa gatandatu, abasikare b’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bararashe kandi imidoka yo mu bwoko bwa minibus, abanyagihugu bashika kuri batandatu barahasiga ubuzima.

Najah amenyesha ko yabwiwe na AMISOM ko abo basirikare bari mu bikorwa vy’umutekano, bakaba bariketse ko iyo modoka yoba yar’itwaye ibibombe, ariko kuyirasa.

Ibrahim Aden Najah asaba Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika gukora amatohoza kur’izo ntureka zose.

XS
SM
MD
LG