Uko wahagera

Cote d'Ivoire: Amatora y'Abashingamateka Yarangiye


Amatora y'Abashingamateka
Amatora y'Abashingamateka

Muri Cote d’Ivoire baraye batunganije amatora y’abashingamateka, amatora yabaye kur’uyu wa’Imana. Ayo matora yaranzwe n’umutekano, akaba yari yitabiriwe n’abanyagihugu barenga imiliyoni zitandatu. Abashingamateka bashika ku amajana abiri na mirongo ibiri na batanu nibo biteze gutorwa, ku bashika ku gihumbi n'amajana atatu na mirongo itatu n'indwi bitoje.

Mur’ayo matora aba incuro imwe, imigambwe iri k’ubutegetsi imenyesha ko yiteze gutahukana ibibanza vyinshi, naho hari benshi mubo batavuga rumwe bari ku ntonde z’abitoza.

Mwomenya kandi ko abatavuga rumwe na Reta bari biyonkoye mu matora yaheruka, yabaye mu mwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na rimwe, bakavuga ko biteguye bihagije mu matora yaraye abaye. Ivyavuye mur’ayo matora vyiteze gutangazwa bitarenze kur’uyu wa gatatu.

XS
SM
MD
LG