Uko wahagera

Siriya: Guhungisha Abanyagihugu Biracarimwo Intambamyi


Amabus yar’agiye gukura abanyagihugu bugarijwe mu gisagara ca Aleppo yaratewe yongera araturirwa kur’uyu w’Imana.

Ivyo bitangazwa n’ishirahamwe riharanira agateka kamuntu rikorera muri Siriya muri Siriya hamwe n’ibindi binyamakuru vyo mu gihugu.

Iyo miduga yar’igiye guhungisha abanyagihugu bashika ibihumbi bibibri barwaye abandi bakomeretse bo mu bisagara vya al-Foua na Kafraya muburaruko bushira uburengero bw’intara ya Idlib province.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abongereza, Reuters ryatangaje ko izindi bus zirimwo n’imiduga ya Croix Rouge yar’imaze gushika ku rwinjiriro rw’ivyo bisagara.

Abasirikare ba reta ya Bashar al-Assad bariko basaba ko imbere yuko bareka abo banyagihugu haba inguzanyo yuko abarwanya reta nabo babanza kuva mu burengero bwa Aleppo.

Inama ya ONU ijejwe umutekano itegekanijwe gukorana kur’uyu wa mungu yihweze ko ari ngombwa kurungika abagenduzi muri Siriya bagenzura uko abanyagihugu bakurwa muri Aleppo no gukingira abasigayeyo

XS
SM
MD
LG