Uko wahagera

Somaliya: Igitero ca al-Shabaab Cahitanye Abasirikare Babiri


Igitero ca al-Shabaab muri Somaliya
Igitero ca al-Shabaab muri Somaliya

Abagwanyi bitwaje ibigwanisho bikomeye binjiye mu ntara ya Mahaday, iri mu karere ka Shadelle, muri Somaliya, bari mu miduga ya kamyoneti, mu gitondo co kur’uyu wa gatandatu. Ico gitero cahitanye abasirikare bibari ba Reta, imbere y’uko basohoka atawubasohoye, nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu co kimwe n’abategetsi mur’ako karere.

Abo bagwanyi bakoze ico gitero atawubiteze, mu masaha ya sakumi aho muri Somaliya, batera ikirindiro c’abapolisi n’ibiro vya Reta. Ahmed Hussein, arongoye intara ya Mahaday avuga ko yabwiwe ko abo bagwanyi binjiye bagana iyo ntara, k’uburyo baciye bihuta gufata ingingo yo guhangana nabo. Hussein amenyesha ko abo bagwanyi baciye bihuta gukinjura.

Ico gitero kibaye mu gihe inteko mvamakungu z’Ubumwe bwa Afrika AMISOM, zifatikanije n’Ibiro vya ONU bijejwe gufasha aho muri Somaliya, UNSOS, bari mu gikorwa co kwuguruza amabarabara makuru makuru yo mur’ako karere.

AMISOM imenyesha ko ico gikorwa gishobora kuzomara amezi atatu, bakaba bategekanya gusanura ibirometero bishika kw’ijana na mirongo itanu vy’amabarabara ari mur’ako karere.

XS
SM
MD
LG