Uko wahagera

Irani Kiriyamiriza Ibihano Bishasha Cafatiwe


Javad Zarif Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Irani n'ayandi makungu

Igihugu ca Irani catumyeko inama yihuta y’umugwi w’Ibihugu bishika kuri bitandatu vyemeje ibihano vy’ubutunzi kurico, mu mwaka w’2015. Ni mu ntumbero yo kwiregura ku bijanye n’ibihano Amerika yasavye ko vyongererezwa, ibihano Irani ivuga ko vyarenze amasezerano.

Ikigo ca Reta ya Irani, kijejwe kumenyesha amakuru catangaje ko Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, yarungikiye urwandiko ibihugu vya Buraya bihurikiye mu mugwi P5, yamara ko ivyo bihugu gushika kur’uyu wagatandatu ataco vyari bwishure.

Urwo rwandiko rwarungitswe inyuma y’aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika itangarije kur’uyu wa kane ko ibihano vy’imyaka cumi vyafatiwe Irani bizofatwa nk’itegeko bitarinze guterwako igikumu na Prezida Barack Obama.

Irani yatangaje ko Amerika iriko irarenga ku masezerano yashizweho mu mwaka w’2015, mur’iyi ndwi ikaba yasavye abahinga bayo ko botangura gukora amato akoreshwa ivyuka vya nucleaire, ivyuka ibuzwa gukoresha, mur’ivyo bihano yafatiwe.

XS
SM
MD
LG