Uko wahagera

Donald Trump Yagenye Uwuzoyobora Ikigega ca Reta


Umu Republikani Mick Mulvaney

Donald Trump yatowe mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaraye agenye umu Republikani Mick Mulvaney ngwayobore igisata kijejwe ubutunzi mu biro vyiwe. Ivyagaragaye nk’ikimenyetso c’uko Trump ategekanya kugabanya amafaranga Reta ikoresha, n’ubwo yari yarasezeranye ko atazokora ku bigega vy’imigwi nk’iyabasirikare, imigambi yo gushumbusha hamwe n’isanurwa ry’inyubakwa z’Igihugu.

Mulvaney afise uburambe mu bijanye n’ubutunzi, akaba yaranahase cane abo bakorana mu mugamwe w’aba Republikani kugabanya cane amafranga bakoresha mu gihugu.

Mu gwandiko yasohoye kur’uyu wa gatandatu, Trump yatangaje ko Amerika isanganywe ideni ry’amafaranga agera ku miliyaridi Mirongo Ibiri z’amadolari, yamara ko Mick ar’umurongozi yizeye ko azoshobora kuziganya amafaranga bigatuma Igihugu kitabandanya mur’iryo deni.

Donald Trump asanzwe ari mu rugendo gwo gushimira abamutoye, akaba yarurangije k’umuhingamo wo kur’uyu gatandatu, mu Reta ya Alabama, ahasanzwe hari ihuriro rinini ry’abanywanyi biwe.

XS
SM
MD
LG