Uko wahagera

RDC: Prezida Kabila Asabwa Gutanga Imihoho


Etienne Tshisekedi, umwe mu batavuga rumwe na Reta muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo
Etienne Tshisekedi, umwe mu batavuga rumwe na Reta muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, umwe mu banyepolitike batavuga rumwe n’Ubutegetsi, Freddy Mbuyamu Matungulu, asaba Prezida Joseph Kabila gutunganya amasezerano n’iyindi migwi no kuva k’ubutegetsi kugira abise uwomusubirira vy’imfatakibanza. Bitegekanijwe ko ikiringo ca kabiri ca Prezida Kabila, nk’Umukuru w’Igihugu gihera kur’uyu wa mbere itariki Cumi n'Icenda z’ukwezi kwa Cumi na Kabiri.

Matungulu yatangaje ko abarongozi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bagiye guhurira k’umugwa mukuru wa Congo, I Kinshasa, kugira bavugane ivy’intwaro y’imfatakibanza, n’uburyo babadanya gukora inyuma y’ugutanga imihoho kwa Prezida Kabila kur’uyu wa mbere.

Matungulu avuga kandi ko ingingo ya Sentare iha uburenganzira Prezida Kabila bwo kubandanya gutwara inyuma y’ibiringo vyiwe, itemewe kandi idashigikiwe n’abanyagihugu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko itewe amakenga n’intureka zishobora kwaduka aho muri Congo inyuma y’itariki ya CCumi n'Icenda Prezida Kabila ategekanije guherezako ikiringo ciwe ca kabiri, n’ibisikanya ry’Umukuru w’Igihugu atowe biciye mu nzira ya demokrasi.

Freddy Mbuyamu Matungulu amenyesha ko akamo ka Amerika bakumvise, yamara ko batewe amakenga n’itegeko ryatanzwe na Reta ryo kwugara imihora yo gutumatumanako amakuru iciye mu buhinga bwa internet kuva kur’uyu w’Imana. Matungulu avuga ko yizeye ko imigwi itavuga rumwe izoshobora gushika ku masezerano kandi ko amatora azoheza agatunganywa mu mwaka uza w’2017.

XS
SM
MD
LG