Uko wahagera

RDC: Ishengero Katolika Ryahuje Abanyepolike mu Biganiro


Prezida Joseph Kabila wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo
Prezida Joseph Kabila wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo

Abungere b’ishengero Katolika muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo bari mu biganiro vya nyuma bigamije gutorera umuti impari za politike ku bijanye n’amatora yigijweyo. Ikiringo ca Prezida Joseph Kabila gitegekanya guhera kur’uyu wa mbere. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baramirira kure umugambi w’uko Prezida Kabila abandanya gutwara gushika mu 2018, ikiringo amatora y’Umukuru w’Igihugu yungururijweko.

Emilie Iob, akorera Ijwi rya Amerika ku mugwa Mukuru wa Congo, I Kinshasa, avuga ko Ishengero Katolika ryagize uruhara rukomeye mu gushira hamwe imigwi yose ya politike. Mu gihe imigambwe itavuga rumwe na Reta yari yakinjuye mur’ivyo biganiro, amakungu yabandanije guhamagarira abegwa n’ivyo biganiro kwicara bakaganira.

Muri kino gihe, abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko bemeye kuja mu biganiro bivuye ko abajejwe guhuza iyo migwi yompi, baturuka mw’ishengero Katolika, ataho bahengamiye.

Donatien N’Shole, umunyamabanga mukuru w’Inama nkuru y’abepiscopie muri Congo amenyesha ko umuti w’ibibazo vya politike mur’ico gihugu uri mu biganiro bidakumira. N’Shole akavuga ko ari naco gituma bemeye gufasha, kugira demokrasi mu banyagihugu itsimbatare.

XS
SM
MD
LG