Uko wahagera

Urubibe Hagati Ya Kameruni na Nijeriya Rwuguruwe


Abategetsi muvya gisirikare ba Nijeriya na Kameruni batangaza ko ibikorwa vy’iterabwoba vyakorwa na Boko Haram vyagabanutse
Abategetsi muvya gisirikare ba Nijeriya na Kameruni batangaza ko ibikorwa vy’iterabwoba vyakorwa na Boko Haram vyagabanutse

Urubibe hagati ya Nijeriya na Kameruni rwarongeye kwugururwa inyuma y’imyaka itatu yar’iheze rwugawe.

Ivyo bigaragaza ko hatewe intambuko mu rugambwa rwo kurwanya umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

Abategetsi muvya gisirikare ba Nijeriya na Kameruni batangaza ko ibikorwa vy’iterabwoba vyakorwa na Boko Haram vyagabanutse kuko ivyo bihugu uko ari bibiri vyakoreye hamwe mukurwanya uwo muhari.

Ariko n’aho bir’uko haracari impungenge muvy’umutekano, mugihe ivyo bihugu bikigabisha ko Boko haram ikoresha abakenyezi mukugaba ibitero vyo kwiyahura bateye amabombe.

Boko Haram watanguye ibikorwa vy’iterabwoba muri Nijeriya mu mwaka w’2009, mu nyuma utandukira mu bihugu bibanyi arivyo vya Kameruni, Chad na Nigeri.

Intambara yatumye imiliyoni 2.7 z’abanyagihugu bateshwa izabo barahunga, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Abashika ibihumbi 20 nabo barahasize ubuzima.

XS
SM
MD
LG