Perezida Barack Obama wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje ko Amerika izofata ingingo k’Uburusiya hamwe n’ibindi bihugu bigerageza guhungabanya amatora muri Amerika.
Ivyo abishikirije mugihe ikigo CIA kijejwe igendereza muri Amerika cemereje ko Uburusiya bwinjiye mu muma ordinateri y’abo mu mugambwe w’abademokrate kugira basume urusaku mu ntumbero yo gufasha Donald Trump ngo atsinde amatora.
Abategetsi bakuru mubiro vya Perezida Obama batangaje ko Trump atari gutsinda iyo Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya atavyinjiramwo.
Uburusiya bwo bwabandanije buhakana ivyo vyagiriji mukuvuga ko ataho bahagaze.
Trump nawe nyene yatangaje ko ivyo ikigo CIA catangaje c’uko Uburusiya bwabigizemwo uruhara bitwengeje. Yongeyeko ko n’ibindi bihugu nk’Ubushinwa n’ibindi vyari bikwiye kugirwako amatohoza.