Uko wahagera

Somaliya: Abashingamateka 11 Baheruka Gutorwa Bafuswe


Umurwi wigenga ujejwe gutorera inyishu amatati afatiye kumatora muri Somaliya wahakanye abashingamateka 11 batowe mu matora yabaye kw'italiki zitandatu z'ukwezi kwa cumi na kabiri.

Usigura ko yabayemwo utunenge kandi ko humvikanye amasasu kuri kimwe mu bibanza vy’amatora.

Uwo murwi utangaza ko habaye imyidogo myinshi ivuga ko amajwi yaguzwe kandi ko habaye iterabwoba kubanyagihugu bitavye amatora.

Bamenyesha kandi ko ibiro vya Perezida Hassan Sheikh Mohamoud wa Somaliya navyo nyene biregwa kuba vyarabigizemwo uruhara.

Perezida Mohamoud ntaco arashikiriza kur’ivyo birego.

Ugutevya itorwa ry’abashingamateka bishobora gutevya itunganywa ry’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’italiki ya 28 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Mwomenya ko inama nshingamateka ariyo itora umukuru w’igihugu, kandi itorwa ryiwe rimaze kwigizwa imbere incuro zitatu.

XS
SM
MD
LG