Uko wahagera

Perezida Kiir wa Sudani y'Ubumanuko Aremera ko Yakosheje


Perezida Salva Kiir wa Sudani y’ubumanuko yasavye imbabazi abanyagihugu biwe kumakosha yakoze muri kahise.

Izo mbabazi yazisavye ejo k’umusi wa gatatu mw’ijambo ryo kurangiza umwaka yashikirije mu nama nshinganmateka.

Yasavye kandi reta kwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara no gushiraho icuka ciza gituma abanyagihugu basubira kunywana.

Kiir yasavye ko hatunganwa ibiganiro bihuza abanyagihugu vyotumirwamwo abaserukira ibisata vyose biserukira igihugu, mugihe intambara imaze imyaka itatu yasinzikaje igihugu.

Yanagabishije abakoresha imvugo z’urwanko, zibiba amacakubiri n’ubwicanyi, ko reta izobafatira ibihano bikomeye.

Yarangije asaba abanyesudani y’ubumanuko guhagarika imvugo z’urwanko ku makungu na cane cane kubanyamerika no kw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

XS
SM
MD
LG