Uko wahagera

Umupfasoni wa Riek Machar Avuga Ko Sudani yo mu Bumanuko Ikeneye Ibiganiro


r Riek Machar arwanya ubutegetsi bwa Sudani yo mu bumanuko n'umupfasoni wiwe Angelina Teny

Angelina Teny, umupfasoni wa Riek Machar, arwanya ubutegetsi bwa Sudani yo mu bumanuko, avuga ko amasezerano yo mu mwaka w’i 2015 agenewe guhagarika intambara muri Sudani yo mu bumanuko ashobora kunagurwa, hamwe impande zose zosubiramwo ayo masezerano.

Angelina Teny, ari i Washington muri iyi ndwi kubonana n’Abanyasudani yo mu bumanuko bari hanze y’igihugu.

Mu kiganiro yatangiye kuri programa, “South Sudan In Focus”, co kuri Radiyo Ijwi rya Amerika, Teny, yavuze kw’ibihugu vyo muri Afrika vyafashe uruhande rumwe, mu ngwano hagati ya Reta ya prezida Salva Kiir, n’abatavuga rumwe nayo.

Atangaza kw’ivyo bituma ata biganiro vy’ugusubira kwihweza amasezerano y’amahoro yo mu mwaka w’i 2015 bishobora kuhaba, harimwo amasezerano y’uguhagarika ingwano, n’amasezerano yerekeye umutekano mu kiringo mfatakibanza.

Riek Machar, yahoze ari icegera ca prezida, yahunze Sudani yo mu bumanuko inyuma yuko ingwano yadutse ku murwa mukuru, Juba, mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka. Angelina Teny, yahuze Sudani yo mu bumanuko muri ico gihe nyene.

Teny, avuga ko Machar, ari mu gihugu ca Afrika y’epfo kuri visa izokora gushika amu kwezi kwa mbere kw’umwaka uza.

XS
SM
MD
LG