Uko wahagera

ONU Yamaganye Perezida Jammeh wa Gambiya


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon yaneguye ikikuza ry’inzego z’umutekano kubiro vya commisiyo y’igihugu ijejwe amatora muri Gambiya. Yasavye ko bohava vuba bwango.

Iryo tanganzo ryashikirijwe n’umuvugizi w’umunyamabanga mukuru ryongeye risaba igisirikare ca Gambiya kutagira ikindi kintu cobangamira umutekano w’igihugu mw’ihana hana ry’ubutegetsi.

Kw’itariki yambere z’ukwezi kwa cumi na kabiri Perezida Yayha Jammeh yari yaremeye ko yatsinzwe na Adama Barrow mumatora y’umukuru w’igihugu. Imisi mike mu nyuma yaho ahava arivuguruza. Ejo ku musi wa kabiri, abo mumugambwe uri kubutegetsi basavye Sentare nkuru y’igihugu gutesha agaciro ivyavuye mumatora aheruka kuba.

Intumwa z’abakuru b’ibihugu bine vya Afurika yo muburengero ziyobowe na Perezida wa Liberia Ellen Johnson Sirleaf zabonanye na Perezida wa Gambiya kuri uno musi wa kabiri.

Avuye muri iyo nama, Perezida Johnson Sirleaf yavuze ko impande zose zegwa ziyemeje kugumya amahoro n’umutekano. Yongerako kw’iki kibazo kigiye kwongera kwihwezwa munama izohuza ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubutunzi bw’ibihugu vya Afrika yo mu burengero CEDEAO mu mpera z’iyi ndwi. Iyo nama izobera mu gisagara ca Abuja kumugwa mukuru wa Nigeria.

XS
SM
MD
LG