Uko wahagera

US: Trump Yagenye Umushikiranganji w'Amasoko Ntanganguvu


Rick Perry yahoze ari Guverineri wa Texas yagenwe kuba umushikiranganji w'amasoko ntanganguvu

Donald Trump aheruka gutsindira amatora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yagenye Rick Perry yahoze ari guverineri wa reta ya Texas gutwara ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu.

Perry, yatwaye reta ya Texas imyaka 14, reta iza ubwa kabiri mu bunini mu ma reta y’Amerika.

Ariko abafasha ba Trump bamenyesheje ejo kuwa kabiri ko yashimye guha ico kibanza Perry kuko ico gisata c’amasoko ntanganguvu gisanzwe gikoresha abakozi bashika ibihumbi ijana, kandi ari naco kigenzura ibirwanisho vya Nikleyeri.

Kur’uyu wa kabiri nyene, Donald Trump, yaragenye Rex Tillerson ngo azomubere minisitiri w’ububanyi n’amahanga. Rex Tillerson asanzwe ari umuyobozi mukuru w’ikigo ExxonMobil gicukura ibitoro kikanacuruza ibigikomokamwo.

Trump yatangaje ko kuba Tillerson ari inararibonye mu vyo gucunga ikigo c’ubucuruzi gikomeye azonamufasha no gucunga neza umubano wa Leta zunze ubumwe z’Amerika n’amahanga.

Trump abandanya akorera mu gisagara ca New York ico gikorwa co kugena abategetsi bazomufasha imbere yuko yimikwa kw’italiki ya 20 z’ukwezi kwa mbere, aho bitegekanijwe ko Barack Obama azoba arangije ibiringo vyiwe bibiri ahabwa n’amategeko.

XS
SM
MD
LG