Uko wahagera

Gambiya: Umugambwe uri k’Ubutegetsi Usaba Gufuta Ivyavuye mu Matora


Perezida wa Gambiya Yahya Jammeh.
Perezida wa Gambiya Yahya Jammeh.

Abanywanyi b’umugambwe uri k’ubutegetsi muri Gambiya kur’uyu wa kabiri basavye sentare nkuru y’igihugu gufuta ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’italiki ya mbere ukwezi cumi na kabiri, inyuma y’aho umurongozi wabo atsindiwe.

Perezida Yahya Jammeh ubwa mbere yari yemeye ko yatsinzwe na Adama Barrow bahigannwe ariko ku wa gatanu w’indwi uheze arivuguruza mu kuvuga ko abategetsi b’umurwi utunganya amatora basanze harabaye ivyo yise amakosa atokwihanganirwa.

Ivyo abanywanyi b’umugambwe uri k’ubutegetsi babisavye k’umusi nyene hashika intumwa z’abakuru b’ibihugu bo muri Afrika y’uburengero bagiye gusaba Jammeh kwemera ko yatsinzwe.

Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika Reuters, ko Jammeh yumvirije ivyashikirije n’izo ntumwa.

Abajejwe umutekano boherejwe kubwinshi k'umurwa mukuru i Banjul
Abajejwe umutekano boherejwe kubwinshi k'umurwa mukuru i Banjul



Mwomenya ko mu gatondo k’ejo nyene kuwa kabiri, abajejwe umutekano barashwaye ahakorera umurwi utunganya amatora basaba umukuru wawo gusohoka.

XS
SM
MD
LG