Uko wahagera

Siriya: Reta n'Abayirwanya Bashitse ku Masezerano ku Vyerekeye Aleppo


Siriya kw'ikarata
Siriya kw'ikarata

Reta y’igihugu ca Siriya n’abayirwanya barashitse ku masezerano agenewe kurekurira abasivile n’abarwanyi kuva mu igce co mu buseruko bw’igisagara ca Aleppo.

Umuvugizi w’umurwi urwanya ubutegetsi, Nour al-Din el-Zinki, Yasser al-Youssef, yatangaje ku musi wa kabiri ko vyari bitegekanijwe kw’amasezeranso yashitsweko, yahagarikiwe n’Uburusiya na Turkiya, yari kuja mu ngiro ngiro mu masa yari imbere.

Ambasaderi w’Uburusiya mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Vitaly Churkin, yaremeje ayo masezerano imbere y’abamenyeshamakuru imbere y’inama yihutirwa y’urwego rujejwe amahoro n’umutekano rw’ishirahamwe O-N-U, ku vyerekeye Aleppo, yatumweko n’Ubufransa n’Ubwongereza.Churkin avuga ko benshi mu barwanyi bariko bava mu gisagara ca Aleppo, bari baja mu gisagara ca Idlib.

Intumwa y’ishirahamwe O-N-U, mu gihugu ca Siriya, Staffan de Mistura, yerekanye impungenge ko igisagara ca Idlib, gishobora gukwirikira mu guterwa na Reta ya Siriya.

Yamara yavuze ko afise umwizero kw’ivyo bishobora gutuma impande zose zisubira mu biganiro.

XS
SM
MD
LG