Uko wahagera

Kenya Iriyumvira Kuva muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha


Prezida w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta
Prezida w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta

Igihugu ca Kenya kiriko kiriyumvira kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Mu kiganiro yashikirije, ejo ku musi wa mbere, ku musi w’uguhimbaza intahe y’ukwikukira kw’igihugu ca Kenya, Perezida Uhuru Kenyatta, yatanze ikimenyetso kigaragara kw’igihugu ciwe gishobora kuba kigiye kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Perezida Kenyatta, yatangaje ko Reta izokwihweza ingingo zibiri zemejwe n’inama nshingamateka y’igihugu ca Kenya z’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Yatangaje kw’ingingo yiwe ifatiye ku vyuko sentare mpuzamakungu mpanavyaha yananiwe guhindura uburyo ikora, kugira yubahirize ubwigenge bw’ibihugu biyigize.

Prezida Kenyatta, yatangaje ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha yerekanye ko ifise aho ihengamiye igihe yakorera kuri Kenya. Atangaza ko n’ibindi bihugu vyo muri Afurika vyabibonye nkuko.

Umukuru wa Kenya, atangaza kw’igihugu ke, cashigikiye cane inzego mpuzamakungu zikora neza, kandi zibaha ubwigenge bw’ibihugu mu gihe ziba ziriko zirangura ibikorwa vyazo.

Kenya sico gihugu ca mbere co muri Afurika kirondeye kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Mu kwezi kw’icumi Perezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, yateye igikumu kw’itegeko risaba Uburundi kuva muri iyo sentare.

Igihugu ca Gambiya casohoye itangazo nkiryo, mu gihe Afrika y’epfo nayo nyene yavuye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

XS
SM
MD
LG