Uko wahagera

OMS: Intambwe Zikomeye Zaratewe mu Kurwanya Malariya


Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku magara y’abantu OMS gitangaza ko cateye intambwe ikomeye mu kurwanya Malariya cane cane ku bana no kubakenyezi bo k’umugabane w’Afrika.

Ivyo biri muri raporo y’uyu mwaka w’2016 OMS iheruka gusohora.

Ariko n’aho bir’uko, OMS imenyesha ko ikehaniwe n’uburyo bw’amafaranga, bishobora gusubiza inyuma ikivi bashitseko.

Igitigiri kinini c’abahitanwa na Malariya kw’isi kiri mu gice c’Afrika iri musi ya Sahara, aho mu mwaka w’2015, 92 kw’ijana bishwe na Malariya.

OMS itangaza kandi ko ikeneye ubundi buryo bw’amafaranga kugira ikingire abana bari musi y’imyaka itanu kuko bagize 70 kw’ijana vy’abicwa n’ico kiza.

XS
SM
MD
LG