Uko wahagera

António Guterres Yarahiriye Kuba Umutegetsi wa ONU Mushasha


Antonio Guterres, iburyo, arahizwa na Peter Thomson, umukuru w'inama ya bose ya ONU, kucicaro ca ONU, italiki 12,12, 2016.

UmunyaPortugal António Guterres kur'uyu wa mbere niho yarahirira amabanga y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU agira icenda.

Guterres yabwiye abaserukira ibihugu bigize ONU ko urwo rwego rukwiye kuza rurihuta mu gukora kandi rugakora ivyihejwe neza bishikana kumwimbu mwiza.

Guterres yavuze ko agiye kandi gushira inguvu ku gukorera abantu, kubashikira abantu aho kuba umunyabiro.

Uwo mugabo w’imyaka 67 y’amavuko, yarigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Portugal kuva mu mwaka w’1995 gushika muri 2002, aranarongora igisata ca ONU cita ku mpunzi HCR kuva mu mwaka w’2005 gushika muri 2015.

Yatahukanye iki kibanza co kurongora ONU atsinze abandi bakandida barenga cumi mu mahigwanwa yar’amaze amezi cumi ku cicaro ca ONU I New York.

Mwomenya ko ikiringo ca Ban Ki-moon giherana no ku mpera z’uku kwezi ka cumin a kabiri. Ategekanya guca asubira muri Koreya y’ubumanuko asanzwe avuka hagati y’ukwezi kwa mbere aho banuganuga ko ashobora kuzokwitoza kurongora ico gihugu.

XS
SM
MD
LG