Uko wahagera

US-EU: Ibihano ku Bategetsi ba RDC Baregwa Kuburizamwo Demokarasi


Perezida Joseph Kabila wa Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo
Perezida Joseph Kabila wa Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo

Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Umuryango w’ubumwe bwa Buraya barafatiye ibihano kur’uyu wa mbere bamwe mu bategetsi bo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bagirizwa ubwicanyi hamwe no gutevya itunganywa ry’amatora y’umukuru y’igihugu.

Amerika yafatiye ibihano Evariste Boshab, icegera c’umushikiranganji wa mbere, yagirizwa gukoresha amayeri kugira Kabila agume k’ubutegetsi. Uwa kabiri ni Kalev Mutondo, arongoye urwego rw’iperereza, yagirizwa gutera igitsure abategetsi kugira amatora azoba azohe amahirwe Kabila.

Ubumwe bwa Buraya nabwo bwafatiye ibihano abandi bategetsi indwi, bagizwe na bane mubarongoye igipolisi, n’igisirikre bagirizwa ubwicanyi bwo m’ukwezi kwa cenda bwahitanye abasivile bashika 50 bariko biyamiriza reta.

Abandi bategetsi batatu bagirizwa gufunga abantu no gutera ubwoba abipfuza ko inyishu ku ndyane za politike zoronderwa mu mahoro.

Yaba Amerika n’Ubumwe bwa Buraya, babafatiye ibihano vyo kubabuza kugira ingendo mur’ivyo bihugu kandi bafata amatungo bafitiyeyo.

Abakozi ba Croix rouge bariko bafasha abakomeretse mumigumuko
Abakozi ba Croix rouge bariko bafasha abakomeretse mumigumuko



Ikiringo ca kabiri ca Perezida Joseph Kabila ari naco canyuma nk’uko ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ribivuga kizorangira kw’italiki 19 z’uku kwezi kwa cumi na kabiri.

Ariko Kabila biragaragara ko azoguma k’ubutegetsi n’inyuma y’iyo taliki inyuma y’aho apfundikiye amasezerano n’umurwi umwe w’abatavugarumwe nawe kugira amatora azotunganwe mu mwaka w’2018.

XS
SM
MD
LG