Uko wahagera

Abanyafurika Basaba Jammeh Kuva ku Butegetsi


Abategetsi bamwe muri Afurika yo muburengero kuri uyu wa kabiri biteguriye gufata urugendo mugihugu ca Gambiya mu mugambi wo kwumvisha perezida Yahya Jammeh kuva ku butegetsi. Uyu yatsinzwe mu matora yabaye kw’itariki ya mbere y’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Perezida Jammeh yari yaremeye ko yatsinzwe n’uwo bahiganye Adama Barrow ariko yahavuye yivuguruza ku musi wagatanu uheze avuga ko habaye ivyo yise “amakosa atemewe” yakozwe n’abajejwe gutunganya amatora.

Kuri uno musi wa mbere amakuru ava muri Afurika y’uburengero amenyesha ko urwo rugendo rw’abakuru b’ibihugu bagiye gusaba perezida Jammeh ngo ave kubutegetsi, ruzoba ruyobowe na perezida wa Liberia Ellen Johnson Sirleaf. Ikigo ntaramakuru c’Ubufaransa AFP, gitangaza ko Sirleaf azoba ari kumwe n’umushikiranganji wa Senegal, perezida wa Nigeria Muhammadu Buhari, uwa Sierra Leone Ernest Bai Koroma, n’uwugiye kuva kubutegetsi muri Ghana Perezida John Mahama.

Perezida Mahama, we ku musi wa gatanu yaremeye ko azova kubutegetsi, aho n’inyuma yaho atsinzwe mumatora aheruka kuba mugihugu ciwe

XS
SM
MD
LG