Uko wahagera

Amerika Yagurishije Indege Isirayeli


Kuri uno musi wa mbere umushikiranganji wa amerika ajejwe kwivuna abansi Ash Carter yagendeye igihugu ca Israel mu kugifasha guhimbaza ishika ry’indege nshasha zo mungwano zo mu bwoko bwa F-35. Izo ndege zakozwe na sosiyete yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika ryitwa Lockheed Martin.

Israel ni kimwe mubihugu biheruka gutumako izo ndege, kandi gifise umugambi wo kugura izindi 50.

Umushikiranganji Carter yakiriwe na mugenzi we wa Israel Avigdor Leibman kukibibuga c’indege zigwanira mukirere c’ I Tel Aviv.

Donald Trump umukandida aheruka gutogwa mukibanza c’umukuru w’igihugu muri amerika, kuri uno musi nyene yaciye yanditse kurubuga gwa twitter anegura agaciro k’izo ndege kimwe n’iryo shirahamwe rizikora .

Yanditse avuga ati : “ihinguriro rya F-35 n’agaciro kazo birarengeye urugero.

XS
SM
MD
LG