Uko wahagera

Trump: "Ivyo CIA Yemeje ko Uburusiya Bwamfashije Gutsinda Biratwengeje"


Trump ariko abazwa n'umunyamakuru wa Televiziyo Fox News, i New York, italiki 10, ukwezi kwa 12, 2016
Trump ariko abazwa n'umunyamakuru wa Televiziyo Fox News, i New York, italiki 10, ukwezi kwa 12, 2016

Donald Trump yatowe kuzorongora Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje ko ivyemejwe n’ibiro CIA bijejwe igendereza muri Amerika ko Uburusiya bwamufashije gutsinda amatora bitwengeje.

Ivyo yabitangarije kuri televiziyo Fox News y’aha muri Amerika ejo kuwa mungu. Trump yavuze ko aho kwagiriza Uburusiya bakwiye nyabuna kwiyumvira ko n’ibindi bihugu canke abandi bantu aha muri Amerika aribo boba barabikoze.

Ibiro CIA vyaremeje mu matohoza vyakoze ko Uburusiya butahungabanije amatora gusa, ariko ko koko bwafashije Trump kugira atsinde, mu kwinjira mu mabanga yari muma ordinateri akoreshwa na komite z’igihugu z’imigambwe abademokrate n’abarepublikani.

Hagat’aho, abegereye Trump bamenyesha ko uwitwa Rex Tillerson yoba ariwe yagenwe kuba sekreteri wa reta y’Amerika azosubirira John Kerry.

Mugihe Trump ataratangaza kumugaragaro iryo gena, yatangaje ko Tillerson ariwe afise amahirwe yo gutahukana ico kibanza kuko azi abategetsi benshi bo kw’isi.

Rex Tillerson asanzwe arongoye Komanyi ikomeye cane kw’isi ExxonMobile idandaza igitoro.

XS
SM
MD
LG