Uko wahagera

Misiri: Abashika 25 Barishwe n'Igisasu Catewe Muri Katedrale


Ibisigarira vy'ahaturikiye igisasu muri Cathedrale i Cairo, muri Misiri, Italiki 11, ukwezi kwa 12, 2016.
Ibisigarira vy'ahaturikiye igisasu muri Cathedrale i Cairo, muri Misiri, Italiki 11, ukwezi kwa 12, 2016.

Muri Misiri Abantu bashika 25 barapfuye abandi bababa 50 barakomereka inyuma y’aho igisasu giturikiye muri Catedrale barimwo iri k’umurwa mukuru Cairo kur’uyu wa mungu.

Itororokanirizo ry’amakuru MENA ry’aho muri Misiri ritangaza ko umugizi wa nabi yateye bombe mur’iyo catedrale yitiriwe St. Mark iri muri distrikte ya Abbassia k’umurwa mukuru Cairo.

Gushik’ubu nta n’umwe ariyitirira ico gitero.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika akorera aho I Cairo atangaza ko ico gitero cabaye mugihe bari mu masengesho yo mu gitondo kur’uyu wa mungu, kandi hari hagwiriyemwo abakenyezi.

Perezida wa Misiri Abdel-Fattah el-Sissi yaciye atangaza imisi itatu yo kugandarira abapfuye.

XS
SM
MD
LG