Uko wahagera

Nijeriya: Abashika 60 Bapfuye Baguweko n'Igisenge c'Urusengero


Abantu bahagaze ahapfiriye abantu baguweko n'Igisenge c'urusengero, mugisagara ca Uyo, m'ubumanuko bwa Nijeriya
Abantu bahagaze ahapfiriye abantu baguweko n'Igisenge c'urusengero, mugisagara ca Uyo, m'ubumanuko bwa Nijeriya

Muri Nijeriya, abantu bashika 60 bapfuye inyuma y’aho igisenge c’urusengero barimwo kibaguyeko bari mu muhango wo kwimika musenyeri mushasha w'uwro rusengero.

Ivyo vyabereye mugisagara ca Uyo city c’aho muri Nijeriya kur’uyu wa gatandatu.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press ryatangaje ko umwe mubatabara yavuze ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera mugihe bakirondera abo borokora.

Amakuru atangazwa aho muri Nijeriya avuga ko iryo sengero ryitwa, The Reigners Bible Church International ryari rikiri murwubako.

Benshi mubategetsi bo mur’ako karere barimwo guverineri Udom Emmanuel wa reta ya Akwa Ibom bari mur’urwo rusengero gukurikirana iryo yimikwa ry’uwo musenyeri. Ariko we yarokotse, eka n’uwo musenyeri yariko arimikwa ari nawe yashinze iryo shengero ntaco yabaye.

XS
SM
MD
LG