Uko wahagera

Turukiya: Bombe Zibiri Zishe Abashika 29 i Istanbul


Abapolisi bashitse ahaturikiye Bombe, hagati mu murwamkuru Istanbul, wa Turukiya.
Abapolisi bashitse ahaturikiye Bombe, hagati mu murwamkuru Istanbul, wa Turukiya.

Ibisasu bibiri vyaraturikijwe k’umurwa mukuru Istanbul wa Turukiya hafi y’ahari ikibuga c’umupira w’amaguru k’umugoroba wo kuwa gatandatu.

Abavyiboneye hamwe n’abategetsi batangaza ko ica mbere cari catezwe mu modoka mugihe ica kabiri caturikijwe n’umwiyahuzi kandi vyose vyari bitumbereye abajejwe umutekano.

Bamenyesha kandi ko ivyo bisasu vyaturitse inyuma y’amasaha abiri harangiye urukino rw’umupira w’amaguru.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Suleyman Soylu yatangaje kur’uyu wa mungu ko abashika 29 bapfuye, abandi 166 barakomereka. Abasivile babiri nibo bapfuye abandi basigaye n’abapolisi.

Abategetsi ba Turukiya batangaje ko ivyo bitero vyari bitumbereye bus yarimwo abapolisi barinda imigumuko.

Perezida Recep Tayyip Erdogan yatangaje ko ar’igitero c’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG