Uko wahagera

ONU-Ghana: Ban Ki-moon Yakeje Akufo-Addo


Ban Ki-moon, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU
Ban Ki-moon, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban ki Moon yarakeje ejo kuwa gatandatu Nana Akufo-Addo aherutse gutahukana intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Ghana yabaye kur’uyu wa gatatu w’indwi turangije.

Yarakeje na perezida John Dramani Mahama kuruhara yagize mukubungabunga n’amahoro umutekano mubihe vy’amatora.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yarakeje abanyeghana ibashimira ko bitavye amatora.

Mw’itangazo ryashikirijwe na deparotema ya reta kur’uyu wa gatanu, Amerika yanasavye Perezida Mahama kwemera ivyavuye mu matora nk’uko vyashikirijwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora.

XS
SM
MD
LG