Uko wahagera

Ghana: Nana Akufo-Addo Yatsinze Amatora y’Umukuru w’Igihugu


Nana Akufo-Addo, Perezida mushasha agiye kurongora Ghana, inyuma y'aho atsindiye John Mahama.

Nana Akufo-Addo atavugarumwe n’ubutegetsi niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Ghana.

Atsinze Perezida John Mahama asanzwe ari k’ubutegetsi mugihe yar’amaze kwitoza incuro zibiri zose agatsindwa.

Perezida Mahama yemeye ko yatsinzwe kur’uyu wa gatanu aca aranaterefona Akufo-Addo aramukeza.

Ivyo Mahama yabikoze imbere y’uko umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Ghana utangaza ku mugaragaro ko Akufo-Addo yatsinze ku majwi 53.85 kw’ijana y’abatoye, mugihe Mahama yatahukanye amajwi 44.4 kw’ijana.

Akufo-Addo, arongoye umugambwe New Patriotic Party utavuga rumwe n’ubutegetsi.

Yarigeze kuba umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu yongera aba umushikirizamanza mukuru w’igihugu.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yakeje abanyeghana mu kuvuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yagenze neza. Yakeje kandi umukuru w’igihugu mushasha yatowe Akufo-Addo.

Amerika isaba Perezida Mahama n’abamushigikiye kwemera ivyashikirijwe n’umurwi utunganya amatora kandi yerekane ubutwari n’uko ashigikiye demokarasi nkuko amakungu asanzwe azi kw’ico gihugu ar’akarorero keza muvya demokarasi.

Amerika yiyemeje kuzokorana n’umukuru w’igihugu mushasha atowe Akufo-Addo na reta yiwe kandi yiteguye kuyifasha gutez’imbere ubutunzi, amagara y’abantu, intwaro ibereye n’umutekano muri Ghana no muri mugice ca Afrika y’uburengero.

XS
SM
MD
LG