Uko wahagera

Ibiciro vy’Ivyankenerwa mu Burundi Biguma Biduga


Ikena ry'isukari mu ntara ya Cibitoke
Ikena ry'isukari mu ntara ya Cibitoke

Isukari yabaye umuzi w’ibuye mu mihingo itandukanye y’Uburundi.

Ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke ikiro c’isukari kigurwa hagati y’amafranga 2400 na 2500 nk’uko vyemezwa n’abaguzi, abadandaza hamwe n’umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Cibitoke ajejwe ivy’ubutunzi Rubin Tubirabe.

Igituma iyo sukari ikena n’uko iyahawe abayitanga mu ntara iba yarangiye mu bubiko nk’uko vyemezwa n’uwo mutegetsi.

Bamwe mu baba ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke bemeza ko batakinywa icayi kuko isukari izimvye kandi bari mu bukene.

Umuyobozi mukuru w’ihinguriro ry’isukari SOSUMO riri mu ntara ya Rutana mu bumanuko bw’Uburundi, yemeza ko umwimbu baronka uguma wiyongera uko umwaka utashe.

Agasigura ko igituma izimba ar’uko amafaranga y’Uburundi aguma ata agaciro, ibituma abadandaza baca bayishora mu mpisho hanze y’igihugu hoho igurwa amafaranga menshi.

Donatien Nijimbere asaba abajejwe intwaro n’abajejwe gucungera imbibe kugerageza kubuza urwo rudandazwa rwa magendo avuga ko rutoroshe kugwanya.

Mu gihe ibiciro vy’ivyankenerwa mu Burundi biguma biduga, umurwi w’ighugu ujejwe umutekano wasavye ubushikiranganji bw’ubudandaji mw’itangazo wasohoye kur’uyu wa kane ko bwocungera cane ibiciro vy’ivyankenerwa kugira ntibibandanye biba umurengera.

XS
SM
MD
LG