Uko wahagera

HRW Isabira Abategetsi ba Kongo Ibihano


Prezida Joseph Kabila Ku kibuga c'indege, k'Umugwa Mukuru wIntara ya Katanga, i Lubumbashi, Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya vyategerezwa kwongerereza ibihano kubaregwa ko bahohoteye agateka ka zina muntu muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa kane n’urunani rw’abanyagihugu bashika kuri mirongo indwi na babiri bo muri Kongo, hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu ashika kuri cumi n'Atanu.

Iryo tangazo risohotse mu gihe hasigaye iminsi cumi n'icenda kugira ikiringo ca kabiri ca Perezida Joseph Kabila kirangire, ikiringo bitegekanijwe ko kizohera kw’itariki ya Cumi n'Icenda z’uku kwezi kwa Cumi na Kabiri. Prezida Joseph Kabila akaba ataratangaza ico ategekanya gukora inyuma y’iyo tariki. Ni mu gihe abatavuga rumwe n’ubutegetsi, co kimwe n’abakoze imyiyerekano, hamwe n’abamenyeshamakuru babandanya kugirigwa nabi.

Abatavuga rumwe na Reta bahamagarira abanyagihugu kwihereza amabarabara ari hamwe inyuma y’ico kiringo Perezida Kabila abandanije gutwara. Bivugwa ko abarongozi ba politike bashobora gukoresha inguvu z’abajejwe umutekano, ibiteye amakenga abatari bake ko Igihugu gishobora gusubira mu zindi ntureka.

Ayo mashirahamwe amenyesha ko ibihano vyasabwe na Amerika ku bategetsi batatu mu bajejwe umutekano, bari basinzikaje ubuzima bw’abari mu myiyerekano, ataco vyamaze. Bakavuga ko Amerika yategerezwa gushiraho ibihano no ku bandi bategetsi.

Mu kwezi kw’Icumi, abashikiranganji bajejwe imigenderanire n’ayandi makungu mu bihugu vya Buraya bari batangaje ko Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya rigiye gushiraho ibihano k’ur’uwo wese aregwa guhohotera ubuzima bwa kiremwa muntu.

Itariki ya Cumi na Kabiri z’uku kwezi kwa Cumi na Kabiri, mu nama izohuza abanywanyi b’iryo shirahamwe, bajejwe imigeneranire n’ayandi makungu, bitegekanijwe ko baganira ku bijanye na Congo, hamwe n’ibihano vyofatigwa ba nyene gukora ivyaha, umwe wese k’uruhara gwiwe.

XS
SM
MD
LG